Top Banner
Ikiziga ciwe catowe mu ruzi, iminsi itatu inyuma yo kunyuruzwa Igihe umuryango wa Richard Havyarimana wateba ugatora ikiziga ciwe kw’igenekerezo rya 7 Rusama, ubwoba wari ufise bwavuyemwo umubabaro ntangere – Havyarimana yarishwe, ikiziga ciwe gitabwa mu ruzi. Umuryango warondeye Havyarimana iminsi itatu inyuma y’aho abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, rumukubaguye, rukamunyuruza rumukuye iwe ku musozi wa Mbogora, komine Nyabihanga (Intara ya Mwaro). Mu kiringo c’amezi y’imbere y’amatora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 yo mu Burundi, Imbonerakure zarateye ubwoba incuro nyinshi Havyarimana, uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) i Mbogora. Iminsi mike imbere y’uko anyuruzwa, Imbonerakure imwe yamubwiye ngo : « Ndabona ko udashaka guhindura umugambwe. Iyo ni ingorane ... Ukaba udashaka guhindura, ndashobora guhamagara (umuntu) ari ku rwego rwo hejuru kandi barashobora kuguhana. » Havyarimana yishuye ko adakunda umugambwe uri ku butegetsi witwa Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD). Yafashe minenerwe ayo majambo y’iterabwoba, yibaza ko ari ukujajura. IKIGUZI C’URUPFU KU BATAVUGA RUMWE NA LETA Richard Havyarimana
4

Richard Havyarimana · 2020. 12. 8. · kabare kari hafi y’itongo ry’abapfuye. Igihe umuryango waje muri ako kabare, inyuma yo guhamba, abarongozi bo ku mutumba baciye bagenda

Feb 08, 2021

Download

Documents

dariahiddleston
Welcome message from author
This document is posted to help you gain knowledge. Please leave a comment to let me know what you think about it! Share it to your friends and learn new things together.
Transcript
  • Ikiziga ciwe catowe mu ruzi, iminsi itatu inyuma yo kunyuruzwa

    Igihe umuryango wa Richard Havyarimana wateba ugatora ikiziga ciwe kw’igenekerezo rya 7 Rusama, ubwoba wari ufise bwavuyemwo umubabaro ntangere – Havyarimana yarishwe, ikiziga ciwe gitabwa mu ruzi. Umuryango warondeye Havyarimana iminsi itatu inyuma y’aho abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, rumukubaguye, rukamunyuruza rumukuye iwe ku musozi wa Mbogora, komine Nyabihanga (Intara ya Mwaro).

    Mu kiringo c’amezi y’imbere y’amatora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 yo mu Burundi, Imbonerakure zarateye ubwoba incuro nyinshi Havyarimana, uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) i Mbogora. Iminsi mike imbere y’uko anyuruzwa, Imbonerakure imwe yamubwiye ngo : « Ndabona ko udashaka guhindura umugambwe. Iyo ni ingorane ... Ukaba udashaka guhindura, ndashobora guhamagara (umuntu) ari ku rwego rwo hejuru kandi barashobora kuguhana. » Havyarimana yishuye ko adakunda umugambwe uri ku butegetsi witwa Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD). Yafashe minenerwe ayo majambo y’iterabwoba, yibaza ko ari ukujajura.

    IKIGUZI C’URUPFU KU BATAVUGA RUMWE NA LETA

    Richard Havyarimana

  • Imbonerakure zari mu myiyamamazo i Mbogora kw’igenekerezo rya 3 Rusama, zihamagarira ababa ngaho gutora CNDD-FDD. Zari ziherekejwe na Pamphile Bigirimana, umuhungu w’umukuru w’umugambwe i Nyabihanga, yabajije aho inzu ya Havyarimana iri. Bigirimana yari ku rutonde rw’abitoza muri CNDD-FDD mu matora y’abashingamateka ku rwego rw’intara, ariko nta ntebe yaronse. Muri iryo joro muma sasita, imodoka yarahagaze i Mbogora, abantu benshi bayivamwo bagenda bagana kwa Havyarimana. Baramenye idirisha n’umuryango. Bane muri bo binjiye ku nguvu, abandi bagumye hanze bacungera.

    Ababanyi baciye bavyuka ubwo nyene bumvise Havyarimana n’umugore wiwe bavuza induru ngo « Dutabare ! Hari ibisuma ngaha. » Umwe mu bari muri ico gitero yishuye ati : « Ntituri ibisuma, turi abajejwe iperereza. » Ababanyi bihutiye kuja kwa Havyarimana, ariko abagabo bari hanze barababujije kwegera. Bamwe muri bo bari bambaye amakoti y’igipolisi kandi bari bafise ibirwanisho bicira umuriro. Umwe muri bo yaragabishije ngo : « Turarasa uwariwe wese yegera. »

    Igihe babiri muri abo bagabo bane binjira ku nguvu mu nzu bamenyekanye, vyaragaragaye ko batari bazanywe n’ukwiba udufaranga duke Havyarimana yakuye mu rudandanzwa rw’inzoga z’ikirundi canke rw’ivyo yimbuye. Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe, umukuru w’Imbonerakure muri komine Nyabihanga, na Boris Bukeyeneza, iyindi mbonerakure, bari baje kunyuruza Havyarimana. Umugore wa Havyarimana yarabatakambiye kugira ngo bamureke, abereka uruyoya rwabo rw’amezi atatu yibaza ko bagira ikigongwe.

    Ababanyi babonye abagabo bakwegera Havyarimana ku modoka, babanje kumwambika amapingu no kumukubita mu maso. Imodoka yagiye nk’umuravyo mw’ibarabara rikuru igana i Gitega, umurwa mukuru w’igihugu.

    Haciye hatangura ironderwa ryihuta ryakozwe n’umuryango wa Havyarimana. Wabanje kuronderera mu busho bw’igipolisi bwo mu micungararo – iherezo rya benshi mu majana y’abanywanyi ba CNL bafashwe muri aya mezi aheze, hanyuma umuryango wamenyesheje igipolisi ivyerekeye Imbonerakure zagize uruhara muri iryo nyuruzwa. Uwuba mu micungararo yavuze ko umupolisi yemeje mw’ibanga ko izo mbonerakure zibiri zabigizemwo uruhara kandi ko yashoboye kumenya umwidondoro wa nyene imodoka zakoresheje : Oscar Ndayizeye batazira Romeo, umunywanyi wa CNDD-FDD wo ku mutumba kandi akaba ari umudandaza.

    Ariko, igipolisi carirengagije abagisavye incuro nyinshi kuzihagarika. Umuryango wa Havyarimana warababajwe n’ukubona izo mbonerakure zibiri zitembera mu mw’idegemvyo nta ngere i Nyabihanga kandi zija mu myiyamamazo y’amatora ya CNDD-FDD. Komiseri w’igipolisi wo ku rwego rwa Komine yemeje ko bidashoboka guhagarika abikekwako ivyaha mu gihe amatohoza akiriko arakorwa. Musitanteri wa komine Nyabihanga, Adrien Ntunzwenimana, yagirije abanywanyi ba CNL ko ari bo batera akajagari kandi yemerera umuryango wa Havyarimana ko ari mukugaruka vuba.

    Umuryango wabandanije urondera, wizeye gutora Havyarimana, ari muzima canke yapfuye. Igihe ababa ku mutumba wo mu micungararo ya Kibogoye bawumenyesha ko babonye imodoka iteye amakenga kandi ko bumvise induru hafi y’uruzi Ruvyironza mw’ijoro ico gitero cabayemwo, umuryango wa Havyarimana

    Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard Havyarimana

    L’Initiative pour les droits humains au Burundi - Ruheshi 2020 2

  • waciye uronderera cane cane ku nkobe. Mu minsi ikurikira, abantu benshi barabamenyesheje ko babonye ikiziga kireremba ku ruzi, ariko ntibongeye gusubira kukibona.

    Mu nyuma, kw’igenekerezo rya 7 Rusama, ababa ku mutumba wa Muyebe bamenyesheje umuryango ko hari ikiziga cazibiwe n’igiti aho uruzi Ruvyironza ruca hagati ya Nyabihanga na komine Giheta mu ntara ya Gitega. Abo mu muryango wa Havyarimana barakweze ikiziga bagikura mu mazi bagishira ku nkombe.

    Cari ikiziga ca Richard Havyarimana. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarashoboye kubona amafoto yerekana inguma zimburutse ku mutwe. Nk’uko ivyabona vyabivuze, bisa nk’uko yoba yaracumiswe inkota mu gikiriza. Nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bantu bafashije gukura ikiziga mu mazi : « Vyari biteye ubwoba kubiraba. » Kubera ko ikiziga cari catanguye kwononekara, umuryango wahisemwo kugifuba uyo munsi nyene.

    Umuryango waciye ubimenyesha abategetsi bo ku mutumba. Inyamiramabi yarahashitse kugira ngo ivyihweze. Musitanteri yavuze ko adashobora kuza kuko afise akazi kenshi, aca arungika umukozi wo ku rwego rwo hasi. Nta n’umwe muri abo barongozi yaje guhamba – benshi muri bo bariko baranywa mu kabare kari hafi y’itongo ry’abapfuye. Igihe umuryango waje muri ako kabare, inyuma yo guhamba, abarongozi bo ku mutumba baciye bagenda ata jambo ryo guhoza bavuze, nk’uko umengo ntacabaye.

    Muri aya mezi aheze, incuti nyinshi z’abanywanyi ba CNL zamenyesheje Ishirahamwe IDHB ko abandi bantu bagiye mazimayongo. Nk’uko vyabaye ku muryango wa Havyarimana, babanje kwitura abategetsi b’inzego z’intango hanyuma baja kuronderera mu busho, bafise icizere co kumenya ivyashikiye ababo. Bamaze kubona ko baburaniwe, hakurikiye igihe kirekire c’amaganya. Bamwe mu banywanyi ba CNL batowe mu busho, ariko abandi benshi bagiye mazimayongo, abandi batowe ari ibiziga.

    Hagati ya Nzero na Rusama 2020, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi yamenyesheje ko hatowe ibiziga bishika kuri 51 mu gihugu cose. Kenshi, ntawuzi ko boba bazize imvo za politike. Bimwe muri ivyo biziga vyatowe mu biyaga canke mu nzuzi canke mu micungararo. Aho botegetse ko haba amatohoza, abarongoye inzego z’intango kenshi bategeka guhamba gihutihuti, naho abapfuye baba bafise ibimenyetso vyerekana ko bahohotewe.

    Guta ibiziga mu nzuzi no mu biyaga vyamye bikoreshwa muri kahise k’Uburundi karanzwe n’iseseka ry’amaraso n’ubu muri 2020 bikaba bibandanya, nk’uko biboneka mu vyabaye kuri Havyarimana. Ibindi nk’ivyo vyarashikiye umwe mu rwaruka rwa CNL wo muri komine Bweru (intara ya Ruyigi), yabwiye Ishirahamwe IDHB ko muri Nzero 2020 Imbonerakure zamutaye mu ruzi zibaza ko yapfuye inyuma yo kumukwega amagara no kumukubita zikoresheje umunyororo w’ikinga. Yaragumye mu ruzi arindiriye ko Imbonerakure zigenda, hanyuma aca atungwa n’ayo yameze.

    Ni gake abagirizwa ivyaha bikomeye nk’ivyo vyo guhungabanya agateka ka zina muntu, bahanwa. Ariko mu muryango wa Havyarimana, hoba hariho icizere. Inyuma y’itorwa ry’ikiziga ca Havyarimana, igipolisi carafashe Bukeyeneza na Nsengiyumva, Imbonerakure zibiri zoba zaragize uruhara mw’inyuruza. Umuryango warituye umushikirizamanza, uyo nawe akaba yarumvirije ivyabona vyinshi.

    Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard Havyarimana

    L’Initiative pour les droits humains au Burundi - Ruheshi 2020 3

  • Incuti za Havyarimana zirafise ubwoba yuko abo babiri bagirizwa ico caha bashobora kurekurwa kubera ukuntu abanyepolitike b’ubu bisuka mu manza nk’izo. Umuntu umwe azi ivyerekeye urwo rubanza yamenyesheje Ishirahamwe IDHB ati : « Twarashikirije ibirego, ariko ntituzi ko tuzotunganyirizwa canke ko abo bantu batazorekurwa vuba. »

    Ishirahamwe IDHB ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ico abategetsi bakoze kubw’urupfu rwa Havyarimana. IDHB yarandikiye kandi Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Mwaro rimubaza ko abandi bantu boba bafise uruhara muri urwo rubanza boba barumvirijwe canke ko bafashwe, nka Bigirimana, yariko ararondera inzu ya Havyarimana umunsi bamunyuruza, na Ndayizeye yoba ari nyene imodoka yoba yakoreshejwe mu kumunyuruza. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye. Umubanyi wa Havyarimana yavuze ko abagirizwa urupfu rwa Havyarimana n’ubundi bwicanyi bufise imvo za politike bakwiye gukurikiranwa kugirango babuze ko ibikorwa vy’ububisha bibandanya muri kazoza : « Turakeneye ko ivyaha bihanwa. Bitabaye gutryo, n’abandi bazopfa. »

    GISHASHA : Ku wa 12 Myandagaro 2020, sentare nkuru y’intara ya Mwaro yarakatiye umunyororo w’imyaka icumi n’itanu, abanywanyi babiri b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Dieudonné Nsengiyumva na Boris Bukeyeneza, bagiriwe no kuba barishe Richard Havyarimana. Sentare yarashinze kandi ko abo bagabo babiri, bari mu mugwi wanyuruje Havyarimana ku wa 4 Rusama 2020, bategerezwa kurihira hamwe umuryango w’uyo muhisi amafaranga y’amarundi angana n’imiliyoni 10 (akaba yegereza amadolari y’amanyamerika 5 176). Umushikirizamanza w’i Mwaro yarunguruje urubanza ; yasabiye gupfungwa ubuzima bwose abo babiri bari bagiriwe n’icaha. Yaremeye kandi kubandanya amatohoza ku bandi bose boba baragize uruhara mw’inyuruzwa n’urupfu vya Havyarimana. Abo babiri bagiriwe n’icaha barunguruje nabo nyene urubanza. Mu ndwi y’uwa 8 Ruhuhuma 2021, sentare isubiramwo y’i Bujumbura yaremeje urubanza rwa sentare nkuru.

    Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

    www.burundihri.org/kirundi www.twitter.com/@BHRI_IDHB

    [email protected] +1 267 896 3399 (WhatsApp)

    Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard Havyarimana

    http://www.burundihri.org/kirundi/index2.htmlhttp://www.burundihri.org/kirundihttp://www.twitter.com/@BHRI_IDHBmailto:[email protected]