-
Ikiziga ciwe catowe mu ruzi, iminsi itatu inyuma yo
kunyuruzwa
Igihe umuryango wa Richard Havyarimana wateba ugatora ikiziga
ciwe kw’igenekerezo rya 7 Rusama, ubwoba wari ufise bwavuyemwo
umubabaro ntangere – Havyarimana yarishwe, ikiziga ciwe gitabwa mu
ruzi. Umuryango warondeye Havyarimana iminsi itatu inyuma y’aho
abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi,
Imbonerakure, rumukubaguye, rukamunyuruza rumukuye iwe ku musozi wa
Mbogora, komine Nyabihanga (Intara ya Mwaro).
Mu kiringo c’amezi y’imbere y’amatora yo kw’igenekerezo rya 20
Rusama 2020 yo mu Burundi, Imbonerakure zarateye ubwoba incuro
nyinshi Havyarimana, uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na Leta,
Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) i Mbogora. Iminsi mike
imbere y’uko anyuruzwa, Imbonerakure imwe yamubwiye ngo : « Ndabona
ko udashaka guhindura umugambwe. Iyo ni ingorane ... Ukaba udashaka
guhindura, ndashobora guhamagara (umuntu) ari ku rwego rwo hejuru
kandi barashobora kuguhana. » Havyarimana yishuye ko adakunda
umugambwe uri ku butegetsi witwa Inama y’Igihugu iharanira Intwaro
rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD). Yafashe
minenerwe ayo majambo y’iterabwoba, yibaza ko ari ukujajura.
IKIGUZI C’URUPFU KU BATAVUGA RUMWE NA LETA
Richard Havyarimana
-
Imbonerakure zari mu myiyamamazo i Mbogora kw’igenekerezo rya 3
Rusama, zihamagarira ababa ngaho gutora CNDD-FDD. Zari ziherekejwe
na Pamphile Bigirimana, umuhungu w’umukuru w’umugambwe i
Nyabihanga, yabajije aho inzu ya Havyarimana iri. Bigirimana yari
ku rutonde rw’abitoza muri CNDD-FDD mu matora y’abashingamateka ku
rwego rw’intara, ariko nta ntebe yaronse. Muri iryo joro muma
sasita, imodoka yarahagaze i Mbogora, abantu benshi bayivamwo
bagenda bagana kwa Havyarimana. Baramenye idirisha n’umuryango.
Bane muri bo binjiye ku nguvu, abandi bagumye hanze bacungera.
Ababanyi baciye bavyuka ubwo nyene bumvise Havyarimana n’umugore
wiwe bavuza induru ngo « Dutabare ! Hari ibisuma ngaha. » Umwe mu
bari muri ico gitero yishuye ati : « Ntituri ibisuma, turi abajejwe
iperereza. » Ababanyi bihutiye kuja kwa Havyarimana, ariko abagabo
bari hanze barababujije kwegera. Bamwe muri bo bari bambaye amakoti
y’igipolisi kandi bari bafise ibirwanisho bicira umuriro. Umwe muri
bo yaragabishije ngo : « Turarasa uwariwe wese yegera. »
Igihe babiri muri abo bagabo bane binjira ku nguvu mu nzu
bamenyekanye, vyaragaragaye ko batari bazanywe n’ukwiba udufaranga
duke Havyarimana yakuye mu rudandanzwa rw’inzoga z’ikirundi canke
rw’ivyo yimbuye. Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe, umukuru
w’Imbonerakure muri komine Nyabihanga, na Boris Bukeyeneza, iyindi
mbonerakure, bari baje kunyuruza Havyarimana. Umugore wa
Havyarimana yarabatakambiye kugira ngo bamureke, abereka uruyoya
rwabo rw’amezi atatu yibaza ko bagira ikigongwe.
Ababanyi babonye abagabo bakwegera Havyarimana ku modoka,
babanje kumwambika amapingu no kumukubita mu maso. Imodoka yagiye
nk’umuravyo mw’ibarabara rikuru igana i Gitega, umurwa mukuru
w’igihugu.
Haciye hatangura ironderwa ryihuta ryakozwe n’umuryango wa
Havyarimana. Wabanje kuronderera mu busho bw’igipolisi bwo mu
micungararo – iherezo rya benshi mu majana y’abanywanyi ba CNL
bafashwe muri aya mezi aheze, hanyuma umuryango wamenyesheje
igipolisi ivyerekeye Imbonerakure zagize uruhara muri iryo
nyuruzwa. Uwuba mu micungararo yavuze ko umupolisi yemeje mw’ibanga
ko izo mbonerakure zibiri zabigizemwo uruhara kandi ko yashoboye
kumenya umwidondoro wa nyene imodoka zakoresheje : Oscar Ndayizeye
batazira Romeo, umunywanyi wa CNDD-FDD wo ku mutumba kandi akaba
ari umudandaza.
Ariko, igipolisi carirengagije abagisavye incuro nyinshi
kuzihagarika. Umuryango wa Havyarimana warababajwe n’ukubona izo
mbonerakure zibiri zitembera mu mw’idegemvyo nta ngere i Nyabihanga
kandi zija mu myiyamamazo y’amatora ya CNDD-FDD. Komiseri
w’igipolisi wo ku rwego rwa Komine yemeje ko bidashoboka guhagarika
abikekwako ivyaha mu gihe amatohoza akiriko arakorwa. Musitanteri
wa komine Nyabihanga, Adrien Ntunzwenimana, yagirije abanywanyi ba
CNL ko ari bo batera akajagari kandi yemerera umuryango wa
Havyarimana ko ari mukugaruka vuba.
Umuryango wabandanije urondera, wizeye gutora Havyarimana, ari
muzima canke yapfuye. Igihe ababa ku mutumba wo mu micungararo ya
Kibogoye bawumenyesha ko babonye imodoka iteye amakenga kandi ko
bumvise induru hafi y’uruzi Ruvyironza mw’ijoro ico gitero
cabayemwo, umuryango wa Havyarimana
Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard
Havyarimana
L’Initiative pour les droits humains au Burundi - Ruheshi 2020
2
-
waciye uronderera cane cane ku nkobe. Mu minsi ikurikira, abantu
benshi barabamenyesheje ko babonye ikiziga kireremba ku ruzi, ariko
ntibongeye gusubira kukibona.
Mu nyuma, kw’igenekerezo rya 7 Rusama, ababa ku mutumba wa
Muyebe bamenyesheje umuryango ko hari ikiziga cazibiwe n’igiti aho
uruzi Ruvyironza ruca hagati ya Nyabihanga na komine Giheta mu
ntara ya Gitega. Abo mu muryango wa Havyarimana barakweze ikiziga
bagikura mu mazi bagishira ku nkombe.
Cari ikiziga ca Richard Havyarimana. Ishirahamwe Initiative pour
les droits humains au Burundi (IDHB) ryarashoboye kubona amafoto
yerekana inguma zimburutse ku mutwe. Nk’uko ivyabona vyabivuze,
bisa nk’uko yoba yaracumiswe inkota mu gikiriza. Nk’uko vyavuzwe
n’umwe mu bantu bafashije gukura ikiziga mu mazi : « Vyari biteye
ubwoba kubiraba. » Kubera ko ikiziga cari catanguye kwononekara,
umuryango wahisemwo kugifuba uyo munsi nyene.
Umuryango waciye ubimenyesha abategetsi bo ku mutumba.
Inyamiramabi yarahashitse kugira ngo ivyihweze. Musitanteri yavuze
ko adashobora kuza kuko afise akazi kenshi, aca arungika umukozi wo
ku rwego rwo hasi. Nta n’umwe muri abo barongozi yaje guhamba –
benshi muri bo bariko baranywa mu kabare kari hafi y’itongo
ry’abapfuye. Igihe umuryango waje muri ako kabare, inyuma yo
guhamba, abarongozi bo ku mutumba baciye bagenda ata jambo ryo
guhoza bavuze, nk’uko umengo ntacabaye.
Muri aya mezi aheze, incuti nyinshi z’abanywanyi ba CNL
zamenyesheje Ishirahamwe IDHB ko abandi bantu bagiye mazimayongo.
Nk’uko vyabaye ku muryango wa Havyarimana, babanje kwitura
abategetsi b’inzego z’intango hanyuma baja kuronderera mu busho,
bafise icizere co kumenya ivyashikiye ababo. Bamaze kubona ko
baburaniwe, hakurikiye igihe kirekire c’amaganya. Bamwe mu
banywanyi ba CNL batowe mu busho, ariko abandi benshi bagiye
mazimayongo, abandi batowe ari ibiziga.
Hagati ya Nzero na Rusama 2020, amashirahamwe aharanira agateka
ka zina muntu yo mu Burundi yamenyesheje ko hatowe ibiziga bishika
kuri 51 mu gihugu cose. Kenshi, ntawuzi ko boba bazize imvo za
politike. Bimwe muri ivyo biziga vyatowe mu biyaga canke mu nzuzi
canke mu micungararo. Aho botegetse ko haba amatohoza, abarongoye
inzego z’intango kenshi bategeka guhamba gihutihuti, naho abapfuye
baba bafise ibimenyetso vyerekana ko bahohotewe.
Guta ibiziga mu nzuzi no mu biyaga vyamye bikoreshwa muri kahise
k’Uburundi karanzwe n’iseseka ry’amaraso n’ubu muri 2020 bikaba
bibandanya, nk’uko biboneka mu vyabaye kuri Havyarimana. Ibindi
nk’ivyo vyarashikiye umwe mu rwaruka rwa CNL wo muri komine Bweru
(intara ya Ruyigi), yabwiye Ishirahamwe IDHB ko muri Nzero 2020
Imbonerakure zamutaye mu ruzi zibaza ko yapfuye inyuma yo kumukwega
amagara no kumukubita zikoresheje umunyororo w’ikinga. Yaragumye mu
ruzi arindiriye ko Imbonerakure zigenda, hanyuma aca atungwa n’ayo
yameze.
Ni gake abagirizwa ivyaha bikomeye nk’ivyo vyo guhungabanya
agateka ka zina muntu, bahanwa. Ariko mu muryango wa Havyarimana,
hoba hariho icizere. Inyuma y’itorwa ry’ikiziga ca Havyarimana,
igipolisi carafashe Bukeyeneza na Nsengiyumva, Imbonerakure zibiri
zoba zaragize uruhara mw’inyuruza. Umuryango warituye
umushikirizamanza, uyo nawe akaba yarumvirije ivyabona vyinshi.
Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard
Havyarimana
L’Initiative pour les droits humains au Burundi - Ruheshi 2020
3
-
Incuti za Havyarimana zirafise ubwoba yuko abo babiri bagirizwa
ico caha bashobora kurekurwa kubera ukuntu abanyepolitike b’ubu
bisuka mu manza nk’izo. Umuntu umwe azi ivyerekeye urwo rubanza
yamenyesheje Ishirahamwe IDHB ati : « Twarashikirije ibirego, ariko
ntituzi ko tuzotunganyirizwa canke ko abo bantu batazorekurwa vuba.
»
Ishirahamwe IDHB ryarandikiye abafise amabanga muri Leta
y’igihugu ribaza ico abategetsi bakoze kubw’urupfu rwa Havyarimana.
IDHB yarandikiye kandi Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya
Mwaro rimubaza ko abandi bantu boba bafise uruhara muri urwo
rubanza boba barumvirijwe canke ko bafashwe, nka Bigirimana, yariko
ararondera inzu ya Havyarimana umunsi bamunyuruza, na Ndayizeye
yoba ari nyene imodoka yoba yakoreshejwe mu kumunyuruza. Nta numwe
muri abo bategetsi yishuye. Umubanyi wa Havyarimana yavuze ko
abagirizwa urupfu rwa Havyarimana n’ubundi bwicanyi bufise imvo za
politike bakwiye gukurikiranwa kugirango babuze ko ibikorwa
vy’ububisha bibandanya muri kazoza : « Turakeneye ko ivyaha
bihanwa. Bitabaye gutryo, n’abandi bazopfa. »
GISHASHA : Ku wa 12 Myandagaro 2020, sentare nkuru y’intara ya
Mwaro yarakatiye umunyororo w’imyaka icumi n’itanu, abanywanyi
babiri b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi,
Dieudonné Nsengiyumva na Boris Bukeyeneza, bagiriwe no kuba barishe
Richard Havyarimana. Sentare yarashinze kandi ko abo bagabo babiri,
bari mu mugwi wanyuruje Havyarimana ku wa 4 Rusama 2020,
bategerezwa kurihira hamwe umuryango w’uyo muhisi amafaranga
y’amarundi angana n’imiliyoni 10 (akaba yegereza amadolari
y’amanyamerika 5 176). Umushikirizamanza w’i Mwaro yarunguruje
urubanza ; yasabiye gupfungwa ubuzima bwose abo babiri bari
bagiriwe n’icaha. Yaremeye kandi kubandanya amatohoza ku bandi bose
boba baragize uruhara mw’inyuruzwa n’urupfu vya Havyarimana. Abo
babiri bagiriwe n’icaha barunguruje nabo nyene urubanza. Mu ndwi
y’uwa 8 Ruhuhuma 2021, sentare isubiramwo y’i Bujumbura yaremeje
urubanza rwa sentare nkuru.
Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi
c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».
www.burundihri.org/kirundi www.twitter.com/@BHRI_IDHB
[email protected] +1 267 896 3399 (WhatsApp)
Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta Richard
Havyarimana
http://www.burundihri.org/kirundi/index2.htmlhttp://www.burundihri.org/kirundihttp://www.twitter.com/@BHRI_IDHBmailto:[email protected]