12 NDONGOZI 707 AMAKURU Y’EKLEZIYA “Uzoharura amasabato indwi y’imyaka (…) u- mwaka ugira mirongo ita- nu muzowugira umwaka mweranda, hanyuma mu- tangaze umwidegemvyo mu gihugu kubakibam- wo bose. Izoba ari Yubile yanyu (Lv 25, 10). Ng’ico ica mbere Imana ishaka kudushikanako muri uyu mwaka wa Yubile: ukwidegemvya, ukubohoka. Wa mu “cha- rismatique”we, vyumve neza: mu mwaka wa Yu- bile, Imana yama ite- gekanya gutanga inema zidasanzwe. ariko ni ngo- mbwa ko umuntu aba- nza kubohoka; abanza kuva mu buja. Amaze kwidegemvya rero, niho isezerano rishoboka. Reka tubanze tudondore ingene ibintu vyari bi- meze mu gihe ca Musa, tubone gutegera imvo y’ukuri y’iryo tegeko rya Yubile. Mu gihe ca Musa, ibiraba ubutunzi n’imibano nti- vyari nk’ivy’ubu. Ivy’ubu bishingiye ku buguzi: uwufise ni uwugurisha (Vendeur/propriétaire) uwudafise ni uwugura (client). Mu gihe ca Musa ho, ubutunzi n’imibano vyari bishingiye ku bucuti bwa shebuja n’umuja wiwe canke umusuku wiwe. Vyaza gute? Iyo umuntu ariye u- mwenda, hanyuma aka- bura ico yishura, niwe nyene yaca yishora kuwo afitiye umwenda akeme- ra kumukorera, gushika igihe uyo afitiye umwen- da azomurekura abonye ko igihe amukoreye yoba yishuye umwenda wiwe. Vyarashobora gushika aho umuryango wose, abavyeyi n’abana bagi- rwa abaja imyaka myi- nshi kugira ngo bishure umwenda (Mt 18, 5). Imana rero yo muremyi wa vyose, ikaba n’umu- vyeyi wa bose, yashize umwaka wa Yubile ku- gira ngo ishireho: - Urubibe rubuza abatu- nzi kugumiza aboro na ba ntahonikora mu buja tunzi n’imibano canke y’akazi bintuma mba u- muja w’abifise uyu mwa- ka Imana yaranteguriye inema zizontuma mbo- hoka nkidegemvya; 2° Nihaba hari umuntu canke umuryango umeze nk’imbohe kubera jewe, uyu mwaka Umukama askaka ko ndawuvugi- riza inzamba iwumenye- shako widegemvya. Ivyo rero ntibiraba imi- genderanire mu butunzi n’imibano gusa. Birashi- kira kandi biraba cane cane ivy’umutima: Muntu uboshwe n’impe- ngamiro mbi igutuma uba umuja w’ikintu: itabi, uru- mogi, inzoga, iradiyo, TV, terefone, internet, umuzi- ki, … ng’uyu umwaka wo kubohoka kwawe urata- manzuye Ngiyo inzamba y’ukwidegemvya kwawe iriko irasamirana; ihere- ze Mutima umwiyegurire aku-bohore; Muntu uboshwe n’i- ngeso mbi canke igicu- mu-ro uguma ugwamwo wisubiriza kugeza aho wihebura ko uzorinda upfa uri umuja, inzamba y’ukwidegemvya kwawe irasamiranye. Uwakubambiwe, agasesa amaraso yiwe ngo ubo- hoke, afise umugambi wo kukugira uwidegemvya muri uyu mwaka mwe- randa ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Mwu- gururire, mwiyegurire. ubuzima bwabo bwose; - Ibohore abantu/imirya- ngo bohava bamara ubu- zima bwabo bwose mu buja kubera ukubura ico bishura umwenda ba- riye. Umwaka ugira mirongo itanu, muzowugira u- mwaka mweranda, ha- nyuma mutangaze umwi- degemvyo mu gihugu kubakibamwo bose. Izo- ba ari Yubile yanyu. Lv 25, 10. Uyo mwaka utamaje rero, baravuza inzamba y’akanyamuneza mu gi- hugu cose, bagatangaza ko umuntu wese yahora ari imbohe canke ari mu buja abohowe, ko kuva ubwo yidegemvya kube- ra ubuntu bw’Imana. None ivyo bisigura iki kuri twebwe muri iki gihe? Buca dutangaza kuri Ra- dio Mariya no kuyandi maradiyo ko twuguruye umwaka wa Yubile. 1° Ninaba ndi mu babos- hwe n’indinganizo y’ubu- Yubile ni umwaka w’ukubohoka n’ukwigina (Abaleviti 25,8-22) Ndongozi y’Uburundi B.P 690 Bujumbura. Tél.: 222762. Fax : (257) 228907 N°707 15 Munyonyo 2019 «Jewe ndi wa mwungere mwiza » Jn 10, 11a e-mail: [email protected] Facebook : Journal ndongozi y’uburundi Rusiziramarembe NDONGOZI Y’UBURUNDI Adresse : Candikirwa, kigasohorerwa muri Ndongozi y’Uburundi. Avenue de la mission n° 06 Ikinyamakuru ca Ekleziya Gatolika Umwaka wa 66 Gisohoka kabiri mu kwezi Ikiguzi : 500FBu Abakozi ba Ndongozi Uwujejwe uruganda: * A. Noël NTIRANDEKURA Abamenyeshamakuru: * A. Noël NTIRANDEKURA * Mélance NDAYIKEZE * MSV Marie Goreth NDIKUMANA Uwujejwe ubuhinga : * Chanel HARINGANJI Umunyamabanga: * MSV Marie Goreth NDIKUMANA Umunyabigega : * MSV Anatolie NIYIMPAYE Uwujejwe imigende- ranire : * J. de Dieu NDIKUMANA Ibirimwo o Les Presses Lavigerie: Akanyamuneza ko guhimbaza Karoli Borome Mw eranda................................................................................................................5 o Mbega Imana yaremye umuntu imufitiye umugambi uwuhe? Yashaka iki kuri we?.............................................................................................................6 o Ikibanza c’abakenyezi mw’itangazamakuru mu Burundi ni gito cane........ ...........................................................................................................................8 o Uburenganzira bw’umuntu bwo kudahanirwa icaha atakoze.................10 Soma ku Rup.12 Soma ku Rup. 4 Ihimbazwa rya Yubile y’imyaka 60 ya Diyoseze nkuru ya Gitega Amasanamu yo mu bubiko Soma ku Rup. 4 Bakunzi ba Ndongozi, Urukundo rw’Imana nti- rugira ingero. Uwuraho muri ya Zaburi y’umu- nani ati “Mbega Muka- ma umuntu wamubo- nyemwo iki kigutuma umuhoza ku mushaha”. Ego cane ntiyihenze, U- mukama atwamiza ku muzirikanyi wiwe. Ehe raba ingene uku kwe- zi kwa cumi na rimwe kwatanguye aduha gutan- garira ingabirano y’ubwe- randa tugabana kubw’iki- gongwe c’Imana cane cane iyo tunywanye nayo mu kuri no mu rukundo. Mu bihe vya none tu- rumva abantu canke a- mashirahamwe y’abantu, amaparuwase canke imi- gwi y’abakristu bategura bakongera bagahimbaza «Yubile». None Yubile zihimbazwa zidufasha iki mu buzima bwacu? Ubwo si ukwine- zereza vyonyene? Guhimbaza Yubile ni u- gutera iyindi ntambwe, urondera kwunguka u- bundi buzima bugufasha kwegera Imana. Umwaka wa Yubile wa- shinzwe n’Imana nk’u- ko tubisoma mu gitabu ca (Lv 25, 8-22). None Imana yashaka gushika kuki? Birabereye ko tuzirika- na tukamenya ico Ima- na yashaka gushikako kugira tumenye ico idu- shakira n’ico itwitezeko muri uyu mwaka wa Yu- bile. Dusomye rero Lv 25, 8-22 dusanga Imana yari ifise intumbero yo gushikana abantu bayo ku: 1. Kubohoka; 2. Ukugaruka iwabo; 3. Ubutungane; 4. Ukwigina. 1. Ukubohoka Yubile ni umwaka w’ukubohoka n’ukwigina (Abaleviti 25,8-22)